Abanduye icyorezo cya Monkeypox(Ibihara by’inkende) kw’Isi yose barenze 1600, abakabakaba 1500 bakaba ari bo bikekwa ko banduye iyo virusi.

Mu bihugu bivugwamwo icyi cyorezo, 7 muri byo byarigeze kuyigira mu bihe byahise, naho 32 ni ubwa mbere yahagaragaye.

Ishami ry’Umuryango w’Abibumbye ryita ku Buzima ku Isi, OMS, rivuga ko abandura benshi bari ku mugabane w’u Burayi urimwo abangana na 85%  by’abanduye muri rusange.

OMS yahamagaje inama yihutirwa yo kureba nimba umuvuduko w’ubwandu bw’iki cyorezo watuma gifatwa nk’ikibazo gikomeye kibangamiye Isi, no kumenya nimba yahindurirwa izina, Hari abahanga bemeza ko ari ngombwa ko izina ryahawe iki cyorezo rihinduka hagamijwe kutavangura no guhagarika kuyibona nk’inyafurika. 

Abo bahanga banasabye guhagarika gukoresha amafoto y’abanyafurika iyo bavuga abanduye ku mugabane w’i Burayi.

Share.
Leave A Reply